← Subira ku Makuru

Sep 2026

Uburundi bwatsinze Kenya 2-0

Uburundi bwageze muri 1 / 2 mumakipe yabatarengeje imyaka 20 ya AFCON U-20 CECAFA

Uburundi bwatsinze Kenya 2-0

Ikipe y'Uburundi yatsinze Iya Kenya ibitsindo 2-0 kuruyu wa 18/09/2026. Ibi vyatumye iyi kipe Y'Uburundi iba iyambere mumakipe yabonye itike yo gukina 1/2.

Amini Nshimirimana, akaba numutoza niwe yatsinze ibitego vyose uko ari 2, ivyo bakaba bimugize umwe mubamaze gutsinda ibitego vyinshi inyuma yaho iyikipe izindiye South Sudan ibitego 4-0 uyu Amini akaba yinjije ibitego 2 wenyene muruwo mukino, kubwivyo akaba shikanye ibitego 4 wenyene mumikino 2.

Uburundi nico cabaye igihugu ca mbere kibonye itike ya 1/2 mumugwi wa C, kandi nibwo buyoboye inyuma yogutsinda imikino yose uko ari 2 idatsinzwe n'umwe.

Uburundi bwatsinze Kenya 2-0

Aha twobamenyesha ko izinkino ziriko zibera mumurwa mukuru w'ubucurunzi wa Tanzania Dar es Slaam.

Ikindi twobamenyesha nuko amakipe 2 azoba abaye ayambere ariyo azobasha guserukira CECAFA muri AFCON U-20 muri 2027 mugihugu ca Ghana.