← Subira ku Makuru

Sep 2026

Kwirinda Ingaruka itegwa n'invura nyinshi m'Uburundi

Reta y'Uburundi ikomeje gushira ingiuvu mukwirinda no mukugabanya ingaruka zitegwa n'ibiza kamere harimwo icitwa El nino.

Kwirinda Ingaruka itegwa n'invura nyinshi m'UburundiKwirinda Ingaruka itegwa n'invura nyinshi m'Uburundi 2

Swipe right to left for more images

Ikigo kijejwe iteganya gihe m'uburundi (IGEBU), kirasaba abenegihuge kuguma barimaso, kirasaba kandi abarundi gushira mungiro ibikorwa bijanye no gukingira ubutaka, harimwo kubungabunga ibidukikije, guca imiferege. Iki kigo kibandanya kivuga ko agatasi kuyu mwaka kazobamwo invura idasanzwe. Umushingantahe Ngenzirabona, yasobanuye ko ibi bifitaniye isano nicitwa El Niño, iki kikaba arigihe cama gishika aho ubushuhe bwiyongera cane cane mubiyaga vy'amazi menshi.

Kwirinda Ingaruka itegwa n'invura nyinshi m'UburundiKwirinda Ingaruka itegwa n'invura nyinshi m'Uburundi 2

Swipe right to left for more images

Nk'uko Umushingantahe Ngenzirabona abivuga, gutera ibimera kugira ngo birinde isuri ni bimwe muvyemezo vyo kwirinda. Gucukura imiferege y'amazi n'imiferege yo kurwanya isuri navyo birasabwa. Na reta y'Uburundi irasabwa gushira inguvu mukongera uburyo bwo kwirindi Ingaruka zitegwa invura nyishi, Augustin Ngenzirabona, umutegetsi Mukuru w'Ikigo c'agataka mu Burundi (IGEBU), yabivuze ku wa Kane aho yatanga ingene igihe kizoba cifashe mugihe c'irima rya *Agatasi*.